Generic selectors
Exact matches only
Search in title
Search in content

EWE BURUNDI BY CANCO HAMISI

Image By Mood Converter
Spread the love

Lyrics for EWE BURUNDI BY CANCO HAMISI

Ewe Burundi, ngira ndakuririmbe, Ewe Burundi, ngucurarange (×2) Usa n’ijuru risharije inyenyeri Usa n’akayaga ko ku mugoroba Usa n’amazi y’umusarara Eka usa n’Imana yakungabiye (×2) Ese uwakubonye harya mu gitondo Ewe Burundi uko uteye igomwe Uko imisozi yawe isayangana Ni ko ikiyaya gihungabana Ewe Burundi, ngira ndakuririmbe, Ewe Burundi, ngucurarange (×2) Usa n’ijuru risharije inyenyeri Usa n’akayaga ko ku mugoroba Usa n’amazi y’umusarara Eka usa n’Imana yakungabiye (×2) Ese uwakubonye mu mashoka y’inka Inyambo zawe zikwigina Amazi atemba, inyoni ziririmba Bihayagiza ubutore bwawe Ewe Burundi, ngira ndakuririmbe, Ewe Burundi, ngucurarange (×2) Usa n’ijuru risharije inyenyeri Usa n’akayaga ko ku mugoroba Usa n’amazi y’umusarara Eka usa n’Imana yakungabiye (×2) Ese uwakubonye mumataha y’inka Ewe Burundi uko uteye igomwe Akayaga kaguca irya n’ino Abana bawe baguteramiye Ewe Burundi, ngira ndakuririmbe, Ewe Burundi, ngucurarange (×2) Usa n’ijuru risharije inyenyeri Usa n’akayaga ko ku mugoroba Usa n’amazi y’umusarara Eka usa n’Imana yakungabiye (×2) Ewe Burundi

by Bahizi


Spread the love

Leave a Reply

Your email address will not be published.

00:00
00:00
Empty Playlist